Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 9:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Umumarayika wa gatanu avugije inzamba yiwe, nca mbona inyenyeri ikorokeye hasi ivuye kw’ijuru. Iyo nyenyeri ica ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kijana i kuzimu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 9:1
20 Referans Kwoze  

Umumarayika wa gatatu avugije inzamba yiwe, ikinyenyeri kinini caka nk’itara kirakoroka kivuye kw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi n’amasoko y’amazi.


Yuguruye ico cobo, haca hapfunduka umwotsi umeze nk’uw’itanure rinini, maze izuba n’ikirere bica bitakaza umuco wavyo kubera uwo mwotsi.


canke ngo: “Ni nde azomanuka i kuzimu iyo abapfuye bari?” (bisigura: kuzura Kristo mu bapfuye).


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Hanyuma mbona umumarayika yururuka ava mw’ijuru, afise impfunguruzo z’i kuzimu, afise umunyororo munini mu minwe.


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Ba badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.


Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.


Nca mbona ba bamarayika indwi bahagaze imbere y’Imana bahawe inzamba indwi.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.


Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.


inyenyeri zo kw’ijuru zikoragurikira kw’isi nk’ivyamwa vy’insukoni bikoroka biva ku giti kinyiganyijwe n’umuyaga w’igihuhusi.


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite