Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 8:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Haca haza uwundi mumarayika afise ico gutuririramwo ibimota neza gikozwe mu nzahabu, ahagarara imbere y’igicaniro; aca ahabwa ibimota neza vyinshi abivanga n’amasengesho y’abera kugira ngo abitange ku gicaniro gikozwe mu nzahabu cari imbere y’intebe y’inganji.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 8:3
32 Referans Kwoze  

Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.


Umwotsi w’ibimota neza n’amasengesho y’abera biraduga bishika imbere y’Imana bivuye mu biganza vya wa mumarayika.


Igihe co guturira ibimota neza kigeze, abari ngaho bose bariko basengera hanze.


Umumarayika wa gatandatu avugije inzamba yiwe, nca numva ijwi rivuye mu mahembe ane y’inzahabu ari ku gicaniro kiri imbere y’Imana,


Muri ico kibanza harimwo igicaniro gikozwe mu nzahabu baturirirako ibimota neza hamwe n’isandugu ry’isezerano, ryari rirengejeko inzahabu impande zose. Muri iryo sandugu harimwo ibakure ry’inzahabu ririmwo manu, ya nkoni ya Aroni yamerako amababi hamwe na vya bisate vy’amabuye y’isezerano yanditsweko ivyagezwe.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.


None ni nde azobatsindisha? Nta n’umwe, kuko Kristo Yesu yadupfiriye, ikigeretseko yarazutse ku bwacu, ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi aradusengera.


Nca mbona uwundi mumarayika avuye i burasirazuba, afise ikimenyetso c’Imana nzima. Aca arasemerera abwira ba bamarayika bane bahabwa ububasha bwo kwonona isi n’ikiyaga ati:


Yuguruye ica gatanu, nca mbona imishaha y’abishwe bazira ijambo ry’Imana n’ugushinga intahe kwabo, iri musi y’igicaniro.


Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.


Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.


Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite