Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze nca ndumva igitigiri c’abashizweko ico kimenyetso; bari ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bavuye mu moko yose ya Isirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:4
17 Referans Kwoze  

Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga.


Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.


kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza.


Nuko nca mbwirwa ko igitigiri c’abasoda bagwanira ku mafarasi kingana imiliyoni amajana abiri.


Jewe Yakobo, umukozi w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo, Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.


Ku vyerekeye Isirayeli, Yesaya yarasemereye aravuga ati: “Naho Abisirayeli ari benshi bangana n’umusenyi wo kw’isesero ry’ikiyaga, bakeya gusa ni bo bazorokoka.


Mu muryango wa Yuda bari ibihumbi cumi na bibiri, mu wa Reyubeni bari ibihumbi cumi na bibiri, mu wa Gadi bari ibihumbi cumi na bibiri,


Ahejeje kubikora, wa mukozi abwira shebuja ati: ‘Databuja, ivyo wantumye nabikoze, ariko haracasigaye ibibanza bigaragara.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite