Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 7:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 ‘Ntibazoba bagisonza, kandi ntibazoba bakinyoterwa. Izuba ntirizobakira ukundi,’ kandi nta bushuhe buzobica.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 7:16
23 Referans Kwoze  

ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


Harahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kuko bazohazwa.


Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.


Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.


Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.


Izuba ryatse ubushuhe bwaryo bwumisha igiterwa; ishurwe ryaco rigakoroka n’ubwiza bwaryo bugakurwaho. Uko ni ko n’umutunzi azokwuma ari mu bikorwa vyiwe.


Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.


Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite