Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze kiti: “Ikiro kimwe c’ingano kizogurwa impembo y’umusi wose, ibiro bitatu vya sayiri bizogurwa impembo y’umusi wose. Ariko ntihagire ico mugira amavuta n’umuvinyu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Numva hagati y’ivyo binyabugingo bine nk’ijwi rivuga, rit’ Ingero imwe y’ingano n’idenariyo‐idenariyo, n’ingero zitatu za sayiri n’idenariyo‐idenariyo: arikw amavuta na vino ntugire ic’ ubikorako.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:6
6 Referans Kwoze  

Nuko izo nzige zitegekwa kutonona ivyatsi, ibiterwa canke ibiti, ariko zitegekwa kubabaza ababa kw’isi bose badafise ikimenyetso c’Imana ku ruhanga.


Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


“Ntiwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu gahanga abakoreye Imana yacu.”


Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba amapfa n’ukunyiganyiga kw’isi.


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite