Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Haca haza iyindi farasi itukura. Uwayigenderako aca ahabwa ububasha bwo gukura amahoro kw’isi, no gutuma abantu bicana. Aca ahabwa inkota nini.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Haza iyindi farasi y’akagajo, ūyicayeko ahabga gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ ahabga inkota ndende.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:4
17 Referans Kwoze  

Ntimwiyumvire ko naje nzanye amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara;


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite