Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ndavye imbere yanje nca mbona ifarasi yera. Uwayigenderako yari afise umuheto, hanyuma ahabwa urugori, aca ayigenderako nk’uwanesheje kandi agiye kunesha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mbona ifarasi y’igitare, kand’ ūyicayeko yar’ afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:2
22 Referans Kwoze  

Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Hanyuma nca mbona igicu cera, kandi kuri co hari hicaye uwusa n’Umwana w’Umuntu. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’umuhoro ukarishe mu minwe.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Bazotera intambara bagwanye Umwagazi w’intama, ariko azobanesha kuko ni Uwuganza abatware kandi ni Umwami w’abami; kandi abo yahamagaye akabatoranya bakamubera abizigirwa, bazoba bari kumwe na we.”


Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


Kuko ategerezwa kuganza gushitsa ashize abansi biwe musi y’ibirenge vyiwe.


Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana.


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Izo nzige zari zimeze nk’amafarasi yiteguriye kuja ku rugamba. Ku mitwe zari zambaye igisa n’urugori rw’inzahabu, kandi mu maso hazo hari hameze nk’ah’abantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite