Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo urashitse, kandi nta wushobora kuwuhangara.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:17
20 Referans Kwoze  

Izo ni impwemu z’abadayimoni zikora ibitangaza n’ibimenyetso, zikaja ku bami bo kw’isi yose, kugira ngo zibakoranirize ku rugamba ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Nuko rero mwame maso, musenge kugira ngo muze muronke inkomezi zibashoboza kurengana ivyo vyose, no kugira ngo muze mushobore guhagarara imbere y’Umwana w’Umuntu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite