Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Bahamagara imisozi n’ibitandara vy’amabuye bavuga bati: “Nimutugweko muduhishe amaso y’uwicaye ku ntebe y’inganji, n’uburake bw’Umwagazi w’intama,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Īvyagiye kur’ irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama;

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:16
21 Referans Kwoze  

Hanyuma ‘bazobwira imisozi bati: “Tugweko!” n’imitumba bati: “Tunyegeze!” ’


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.”


Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. “Azoganzisha amahanga agacinyizo.” Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato.


Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!


Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?”


Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,


Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.


Nuko Yesu abitegereza ashavuye, kandi ababajwe cane n’uko imitima yabo ikomantaye. Nuko abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe.” Akugoroye guca kurakira.


Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.


Muri iyo misi abantu bazorondera urupfu ariko ntibarubone; bazokwipfuza gupfa, ariko urupfu ruzobahunga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite