Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Yuguruye ica gatandatu, haba nyamugigima. Izuba rica ricura umwijima, risa n’igunira rikozwe mu bwoya bw’impene, ukwezi gutukura nk’amaraso,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso:

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:12
31 Referans Kwoze  

Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha, inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’


Ubwo nyene haca haboneka imiravyo, humvikana urwamo rwinshi, imituragaro na nyamugigima ikomeye itari yigere kubaho kuva abantu babaho kw’isi. Iyo nyamugigima yari iteye ubwoba cane.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.


Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazoba amapfa n’ukunyiganyiga kw’isi.


Kuva isaha zitandatu z’umurango, igihugu cose gitwikirwa n’umwijima gushika isaha y’icenda.


Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako.


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha y’icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose.


“Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.


Umumarayika wa kane na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku zuba, rica rihabwa ububasha bwo guturiza abantu umuriro waryo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite