Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Umwe wese muri bo aca ahabwa ikanzu yera, baca basabwa kurindira ikindi gihe gito, gushika igitigiri ca bene Data, abo bari basangiye gukorera Umwami Yesu, bategerezwa kwicwa nk’uko na bo bishwe, kibanze gikwire.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:11
19 Referans Kwoze  

Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo kwari uko bashikira ugutunganywa rwose bari kumwe natwe.


Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Gica gihabwa ububasha bwo guha ubuzima ca gishushanyo ca ca gikoko ca mbere, kugira ngo gishobore kuvuga no kwica abo bose bazoba banse kugisenga.


Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe.


Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge.


Ariko mbona ko ubuzima bwanje ata co bwoba bumaze hamwe ntorangiza urugendo, ngansozera igikorwa Umwami Yesu yanshinze co kubwira abantu Ubutumwa Bwiza bw’ubuntu bw’Imana.


yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.


Nagwanye intambara nziza, narangije urugendo, nazigamye ukwizera.


Umuntu wese yinjiye aho kuruhukira Imana yateguye, araruhuka ibikorwa vyiwe nk’uko Imana na yo yaruhutse ibikorwa vyayo.


Mwegereye ikoraniro ry’imfura z’Imana, bandikishije amazina yabo mw’ijuru. Mwegereye Imana ubwayo, umucamanza w’abantu bose. Mwegereye impwemu z’abagororotsi bari mw’ijuru, bamaze gutunganywa rwose.


Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite