Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 6:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 6:1
17 Referans Kwoze  

Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.


Yuguruye ica gatatu, nca numva ikinyabugingo ca gatatu kivuze kiti: “Ingo!” Haca haza ifarasi yirabura. Uwayigenderako yari afise iminzane ibiri mu minwe.


Nca numva amajwi avuga nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, avuga nk’imipfunda yo mu kiyaga ikomeye, agaturagara nk’inkuba, avuga ati: “Haleluya! Umwami wacu Imana Mushoboravyose iraganje.


Yuguruye ica kane nca numva ikinyabugingo ca kane kivuze kiti: “Ingo!”


Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Yuguruye ica kabiri, nca numva ikinyabugingo ca kabiri kivuze giti: “Ingo!”


Twebwe ntidushobora kureka kuvuga ivyo twiboneye kandi twiyumviye.”


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.


baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”


Yuguruye ikigira indwi, haca haba agacerere mw’ijuru kamara nk’igice c’isaha.


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite