Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 5:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 5:8
27 Referans Kwoze  

ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.


Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”


Nuko mbona Umwagazi w’Intama, usa n’uwishwe, uhagaze hambavu ya ya ntebe y’inganji, ukikujwe na vya binyabugingo bine na ba bashingantahe. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi. Ayo maso ni zo mpwemu indwi Imana yarungitse mw’isi yose.


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho.


Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,


kugira ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se. Uwutubaha Umwana, ntiyubaha na Se yamutumye.


Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Nongeye kuraba kandi, nca numva amajwi y’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bakikuje ya ntebe y’inganji, n’aya vya binyabugingo, na ba bashingantahe,


baririmba n’ijwi rirenga bati: “Umwagazi w’intama we yishwe, arabereye, kwakira ububasha, ubutunzi, ubwenge, inkomezi, icubahiro, ubwiza, n’amashimwe.”


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite