Ivyahishuwe 5:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe10 Wabagize abami n’abaherezi bo gukorera Imana yacu, kandi bazoganza kw’isi.” Gade chapit laBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi. Gade chapit la |
Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.