Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 5:1
16 Referans Kwoze  

Wa mwagazi uraza wakira wa muzingo w’igitabu ugikuye mu minwe y’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji.


Yari afise umuzingo w’igitabu mutoya wuguruye mu kiganza ciwe. Aca ashinga ikirenge ciwe c’i buryo ku kiyaga, ic’i bubamfu agishinga i musozi.


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


Hanyuma nca numva amajwi y’ivyaremwe vyose, ivyo mw’ijuru, ivyo kw’isi, ivy’i kuzimu, ivyo mu biyaga n’ibibibamwo, biririmba biti: “Guhimbazwa n’icubahiro, ubwiza n’ububasha, ni ivy’uwicaye ku ntebe y’inganji n’Umwagazi w’intama yishwe, ibihe vyose!”


Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Yasipi hamwe n’iryitwa Sarudiyo. Kandi iyo ntebe yari izungurutswe n’umunywamazi usa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Simaragido.


Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,


Bahamagara imisozi n’ibitandara vy’amabuye bavuga bati: “Nimutugweko muduhishe amaso y’uwicaye ku ntebe y’inganji, n’uburake bw’Umwagazi w’intama,


Yuguruye ikigira indwi, haca haba agacerere mw’ijuru kamara nk’igice c’isaha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite