Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:3
24 Referans Kwoze  

Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


kuko musanzwe muzi neza ko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma mw’ijoro.


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.


Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago n’impari vy’abiyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera.


Niyaza giturumbuka, ntaze asange musinziriye.


Nuko rero mwame mugavye, muterame, kuko mutazi aho ico gihe kizoshikira.


Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.


Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.


Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.


uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’


Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,


Wame ufatira akarorero ku nyigisho z’ukuri wanyumvanye, uhagarare mu kwizera, no mu rukundo dufise muri Kristo Yesu.


Kanguka ukomeze ivyo usigaranye bigikomeye ariko bigiye gupfa, kuko ibikorwa vyawe bidatunganye imbere y’Imana.


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite