Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kanguka ukomeze ivyo usigaranye bigikomeye ariko bigiye gupfa, kuko ibikorwa vyawe bidatunganye imbere y’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe: kukw ata bikorwa vyawe nabonye bisozerewe imbere y’Imana yanje.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:2
31 Referans Kwoze  

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Amaze igihe gito muri Antiyokiya, avayo agendera ahantu hatandukanye mu ntara za Galatiya na Furugiya, akomeza abizera bose.


Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Ariko ico nkugaya ni uko watakaje urukundo rwawe rwa mbere.


Ivyo bakora vyose, babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyagezwe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite