Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya;

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:17
26 Referans Kwoze  

Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.


Ewe jewe ndagowe! Ni nde azombohora uwu mubiri unjana mu rupfu?


Yahagije ivyiza abashonje, yirukana abatunzi bagenda imbokoboko.


Yesu avyumvise aravuga ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye.


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


Nisunze ubuntu nahawe n’Imana, ndahanuye umuntu wese muri mwebwe ngo ntiyifate uko atari mu kwiyumvira ko ari uwuhambaye, ariko yicishe bugufi mu kwifata uko ari, yisunze urugero rwo kwizera Imana yamuhaye.


Ariko umuntu wese atabifise, abona hafi gusa kandi ni impumyi, kandi yibagiye ko yogejwe ivyaha vyiwe vya kera.


“Harahiriwe abumva ko bakenye mu buryo bw’impwemu, kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.


Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka indemesho yanyu.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Ukwo ni ukuri. Ariko wibuke ko ayo mashami yaciwe kubera ukutizera, kandi nawe uhagumijwe n’ukwizera. Rero, ntiwishime ahubwo utinye.


Ko uri akazuyazi, udakonje canke ngo ubire, ngira ndakudahwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite