Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ndazi ibikorwa vyawe. Ndazi ko udakonje kandi utabize. Ese iyo ukonja canke ukabira!

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk’ udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank’ ukabira!

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:15
23 Referans Kwoze  

Ntimukabe abanebwe, ahubwo mwamane umwete mu mitima yanyu wo gukorera Umwami Imana.


Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera.


kuko ntiyiyeguriye Imana, afise imitima ibiri, ntashikamye mu kintu cose akora.


Ariko ico nkugaya ni uko watakaje urukundo rwawe rwa mbere.


Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura,


Kuko ndatinya ko noza nkabasanga uko ntipfuza ko muba, canke mugasanga ntameze uko mushaka ko mba. Ndatinya ko hoba hakiri imitongano, inzigo, ishari ryinshi, ukwikunda, ugutukana, urusaku, ukwishira hejuru n’ukubura urutonde mu buzima.


Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiriye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha uwo na we nyene ntankwiriye.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.


Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


Nimba hariho uwudakunda Umwami, uwo aravumwe. Kaze Mwami!


Ko uri akazuyazi, udakonje canke ngo ubire, ngira ndakudahwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite