Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:14
22 Referans Kwoze  

Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero; ni we tanguriro kandi ni we mfura mu kuzuka mu bapfuye; kugira ngo muri vyose abe agaheta,


Kuko amasezerano Imana yatanze yose ni “Egome” muri Kristo Yesu. Kandi muri we “Amen” tuvuga bisigura ngo “Egome” iraduga igahesha Imana icubahiro,


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


Ndi Alufa na Omega, uwa Mbere n’uwa Nyuma, Intango n’Iherezo.


Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”


Yongera ambwira ati: “Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu.


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Wandikire umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso uti: Uwufise inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo kandi agendagenda hagati y’ibiterekwako amatara indwi, aravuga ati:


Iri kete nimwamara kurisomerwa, mukore ibishoboka vyose kugira ngo risomerwe ab’ishengero ry’i Lawodikiya, kandi namwe muze musome iryo bazobarungikira.


Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.


Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.


Yesu arabishura ati: “Naho nishingiye intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko ndazi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. Ariko mwebwe ntimuzi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite