Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 “Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:7
12 Referans Kwoze  

Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.


Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


“Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


“Ehe ndaje nk’igisuma atawunyiteze. Hahiriwe uwama ari maso, akama yambaye, kugira ngo ntazogende ari gusa, akamaramazwa n’ubwambure bwiwe.”


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


None rero niwihane. Ahandi ho nzoza vuba kukugwanya nitwaje inkota yo mu kanwa kanje.


Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Niyo utakanguka nzoza nk’igisuma, kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.


Ndaburiye umuntu wese yumva amajambo y’ubuvugishwa yo muri uwu muzingo w’igitabu: Nihagira uwugira ico yongeye ku vyanditswe muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izokwongera ku vyago vyiwe, ivyago bicanditsemwo.


Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.


Ubuntu bw’Umwami Yesu bube kuri bose. Amen.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite