Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Arambarira, at’ Ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ ukuri, kand’ Umwami, ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:6
26 Referans Kwoze  

Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.


Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.


(nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera),


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho.


ubwo yari yarasezeranye kuva kera ibicishije ku bavugishwa na yo, nk’uko biri mu Vyanditswe Vyera.


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Abavugishwa n’Imana bategerezwa kuganza impwemu zabo, bagakuranwa kuvuga,


Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe;


Igihe c’ivyagezwe vya Mose n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi abinjira muri ubwo Bwami barabubandanira.


yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.


Bene Data, ico ngomba kuvuga ni uko igihe gisigaye ari gito. Uhereye ubu, abafise abagore ntibiteho cane ivy’ingo zabo gusa,


Ni ho Petero yatora akenge, avuga ati: “Ubu rero ndamenye vy’ukuri ko Umwami Imana yarungitse umumarayika kundokora mu vyara vya Herode n’ivyo Abayuda bari bateguye kungirira vyose.”


Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite