Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 bazorāba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:4
18 Referans Kwoze  

Hanyuma nca mbona Umwagazi w’intama ahagaze ku musozi Siyoni, ari kumwe n’abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bari banditseko izina ryiwe n’irya Se mu ruhanga.


Harahiriwe abafise imitima itanduye, kuko bazobona Imana.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.


“Ntiwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu gahanga abakoreye Imana yacu.”


Ivyo tubona ubu ni nk’ivyijiji mu cirore, ariko hazogera igihe tuzobona neza vyose amaso mu yandi. Ubu tuzi agace, ariko hari igihe tuzomenya vyose, nk’uko Imana ituzi neza.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite