Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:3
20 Referans Kwoze  

Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Ninaheza kubategurira aho kuba, nzogaruka kubatora, kugira ngo mubane nanje aho nzoba ndi.


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.


Inyuma y’ivyo nca mbona isinzi ry’abantu batoharurika, bavuye mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose, bahagaze imbere ya ya ntebe y’inganji n’imbere ya wa Mwagazi. Bari bambaye amakanzu yera, bafise n’amashami y’ibigazi mu minwe.


Baca basemerera n’ijwi rirenga bati: Agakiza ni ak’Imana yacu, yicaye ku ntebe y’inganji, n’Umwagazi w’intama.


Kandi nimba Imana igira ihabwe icubahiro muri we, na yo igiye kumuha icubahiro vuba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite