Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:19
24 Referans Kwoze  

Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe kuko mwatwaye urupfunguruzo rwo kumenya Imana. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye mu Bwami, ahubwo mwabujije n’abashaka kwinjira.”


rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.


“Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite