Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:17
29 Referans Kwoze  

ariko uwunywa amazi ntanga ntazosubira kugira inyota. Ahubwo ayo mazi azohinduka isoko ridudubiza muri we, rizana ubugingo budashira.”


Yongera ambwira ati: “Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu.


Ku musi wa nyuma w’iyo misi mikuru, ari wo uruta iyindi, Yesu arahaguruka avuga n’ijwi rirenga ati: “Uwunyotewe wese naze aho ndi anywe.


Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”


Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera nk’abagororotsi mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu.


“Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, nta co ufise co kuvomesha kandi iriba ni rirerire. Ayo mazi y’ubugingo woyakura he?


Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Ba bigishwa biwe babiri bavyumvise, baca bakurikira Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite