Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:15
29 Referans Kwoze  

Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bababwira ko mutegerezwa kwikeba kugira ngo mukizwe.


Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Kuko ivyo bizotuma uburake bw’Imana buza.


Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.


Bakunda kumwumviriza kuko yari amaze igihe abatangaza n’amareba yiwe.


mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”


Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera?


Ntimugahe ivyera vy’Imana imbwa, kandi ivy’agaciro kanini vyanyu, ntimukabiterere ingurube, kuko zohava zibihonyanga, hanyuma zikabahindukirira zikabatabagura.


abasambanyi n’abahuza ibitsina kandi babisangiye, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite