Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:14
31 Referans Kwoze  

Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.


Kuko gukunda Imana ni ukwitondera amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremeye,


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.


Nimwaba munkunda, nimushire mu ngiro amabwirizwa yanje.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Ugukebwa canke ukudakebwa vyompi nta co bimaze. Igihambaye ni ugukurikiza amabwirizwa y’Imana.


rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga.


Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama.


Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga.


Nca ndamwishura nti: “Nyakwubahwa, ni we wobimenya.” Aca avuga ati: “Aba ni abavuye muri rya hamwa rikomeye, bamesuye amakanzu yabo, bayezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Kuko muri Kristo Yesu, ugukebwa canke ukudakebwa nta kimazi bifise. Igihambaye ni ukwizera gukorera mu rukundo.


Cari kizitijwe uruhome runini mu bwaguke kandi rurerure, rufise amarembo cumi n’abiri arinzwe n’abamarayika cumi na babiri. Kandi amazina y’imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli yari yanditse kuri ayo marembo.


Mbega sinemerewe kubana n’umugore yizera nk’uko izindi ntumwa, abavukanyi b’Umwami Yesu Kristo na Kefa babigira?


Ariko mube maso kugira ngo umwidegemvyo wanyu ntube igitsitaza ku banyantegenke.


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Wewe uruta sogokuruza Yakobo yaduhaye iri riba kandi na we ubwiwe akanywa amazi yaryo, n’abana biwe n’ibitungwa vyiwe?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite