Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Uwukora ibibi nabandanye akore ibibi, uwiyanduza nabandanye yandure; uwukora ivyiza nabandanye akora ivyiza, uwejejwe nabandanye yezwe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ūgabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure; ūgororotse n’ashishikare agororoke; uwera n’ashishikare yezwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:11
22 Referans Kwoze  

Ariko abanyakibi bazoshika kure mu bibi vyabo. Bazozimiza benshi kandi na bo ubwabo bazokwizimiza.


Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.”


Harahiriwe abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kuko bazohazwa.


Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.


Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.


Ivyo yabikoze kugira ngo aryiyegereze ari ishengero rikayangana, ritagira agatosi canke umunkanyari canke akandi gasembwa kose, ariko ryejejwe ritagira umugayo.


Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: “Ntugasubire kwama na rimwe.” Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.


Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.”


Haca haza urubura rwinshi ruvuye kw’ijuru rugwa ku bantu kandi rumwe rwapima nk’ibiro mirongo itanu. Abantu baca batuka Imana kubera ico cago c’urubura, kuko cari icago giteye ubwoba.


Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga.


Ariko ubu yariyujuje namwe mu mubiri wa Kristo biciye mu rupfu rwiwe, kugira ngo ibashikane imbere yayo mwejejwe, mutagira agatosi kandi ata n’ico mwogawa,


kugira ngo mumere nk’abana ba Data wo mw’ijuru, kuko atuma izuba ryiwe ryakira ababi n’abeza akagwishiriza imvura abagororotse n’abatagororotse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite