Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yongera ambarira ati: “Aya majambo y’ubuvugishwa ntuyanyegeze kuko igihe kiri hafi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:10
21 Referans Kwoze  

Harahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi harahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.


Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.


Iyo mituragaro indwi imaze kuvuga, nca mfata ikaramu ngo nandike. Ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ivyo iyo mituragaro indwi yavuze, ubigire ibanga, ntuvyandike.”


Ivyo ndababwirira ahatabona, mubivugire ahabona; ivyo ndabongorera mu matwi, mubivugire hejuru ku mazu.


Ijoro riritereye, bugira buce. Kubera ivyo, twiyambure ibikorwa vy’umwijima, twambare ibigwanisho vy’umuco.


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.


Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka.


Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.


Kandi ivyo mukwiye kubishishikara kuko muzi igihe tugezemwo. Iki ni igihe co kwikangura, kuko agakiza kacu katwegereye kurusha ca gihe twatangura kwizera.


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


“Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”


Ariko arambarira ati: “Ntugakore ivyo. Ntukansenge kuko nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So b’abavugishwa, ndetse n’abo bose bumvira amajambo ari muri uwu muzingo w’igitabu. Usenge Imana yonyene!”


Ndaburiye umuntu wese yumva amajambo y’ubuvugishwa yo muri uwu muzingo w’igitabu: Nihagira uwugira ico yongeye ku vyanditswe muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izokwongera ku vyago vyiwe, ivyago bicanditsemwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite