Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:5
14 Referans Kwoze  

Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”


Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Igihe cose ivyo binyabugingo bihaye icubahiro uwicaye kuri ya ntebe kandi ariho ibihe bidashira,


Wandike rero ivyo wabonye vyose, ibiriko biraba n’ibiza gukurikira.


riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Hanyuma mbona umuzingo w’igitabu mu kuboko kw’i buryo kw’uwari yicaye kuri ya ntebe y’inganji. Ico gitabu cari canditseko imbere n’inyuma, gihomesheje ishashara indwi.


Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.


Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.


Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite