Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:4
26 Referans Kwoze  

Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”


Umwansi azosangangurwa ubwa nyuma ni rupfu.


Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.


Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.


Maze rupfu na kuzimu bitererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.


Nta muvumo uzobayo, kuko intebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’intama zizoba ziri muri ico gisagara, kandi abakozi bayo bazoyisenga.


Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.


Abari mu rudandazwa ntibatwarwe na rwo, kuko iyi si urimwo ubu izokurwaho vuba.


None rero, “Nimuve muri bo, mwitandukanye na bo, ni ko Uhoraho Imana avuze. Ntihagire igihumanye mukorako, nanje nzobiyegereza.”


Kuko uwuri muri Kristo Yesu aba abaye icaremwe gishasha, ivya kera biba biheze, ibishasha biba bishitse.


Ibi bisigura ko ibishobora kunyiganyizwa vyose bizokurwaho, kugira ngo ibidashobora kunyiganyizwa bigumeho.


Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese aciribwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite