Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:27
28 Referans Kwoze  

Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.


Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.


Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe;


Kuko mukwiye kumenya neza ko: ata munyangeso mbi, uwanduye canke uwukunda inda; umuntu nk’uwo asenga ibigirwamana, azogira ico aragwa mu bwami bwa Kristo n’Imana.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Kandi ababa kw’isi bose basenga ico gikoko. Abo ni abatanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yishwe, kuva isi itararemwa.


Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.


Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.


Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.


maze babona bamwe mu bigishwa biwe bafungura kandi amaboko yabo ahumanye, ni ukuvuga batakaravye nk’uko umugenzo wabitegeka.


Ariko ntimunezerwe n’uko impwemu mbi zibumvira, ahubwo munezerwe n’uko amazina yanyu yanditse mw’ijuru.”


abasambanyi n’abahuza ibitsina kandi babisangiye, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri


Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite