Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Imiryango y’amarembo uko ari cumi n’ibiri yari ikozwe mw’imaragarita cumi na zibiri, umuryango umwumwe wose wari ukozwe mw’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu zivugutiwe, rikabonerana nk’ibiyo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kand’ ibirimba, ukw ar’ icumi na bibiri, vyar’ imaragarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imaragarita imwe, birtyo birtyo. Irango rya wa murwa ryar’ izahabu nziza, isa n’ibirahuri bibonerana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:21
10 Referans Kwoze  

Uruzitiro rwari rwubakishijwe ibuye ry’igiciro ryitwa yasipi, igisagara na co cari cubakishijwe inzahabu, kibonerana nk’ibiyo.


Uwo mugore yari yambaye impuzu z’agaciro zitukura, kandi yari ashazishije inzahabu n’utubuye tw’igiciro, hamwe n’imaragarita. Mu minwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibiterasoni n’ibihumanya bivuye ku busambanyi bwiwe.


rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga.


bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu z’igiciro kinini, izitukura n’iz’agahama, gishazishije inzahabu n’amabuye y’agaciro n’utubuyenge.


Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Wa mumarayika yamvugisha yari afise ico gupimisha gikozwe mu nkoni y’inzahabu, kugira ngo apime igisagara, amarembo yaco, n’inzitiro zaco.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite