Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Wa mumarayika yamvugisha yari afise ico gupimisha gikozwe mu nkoni y’inzahabu, kugira ngo apime igisagara, amarembo yaco, n’inzitiro zaco.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:15
10 Referans Kwoze  

Cari kizitijwe uruhome runini mu bwaguke kandi rurerure, rufise amarembo cumi n’abiri arinzwe n’abamarayika cumi na babiri. Kandi amazina y’imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli yari yanditse kuri ayo marembo.


Igisagara cari kimeze nka kwadarato, uburebure n’ubwaguke vyarangana. Apimye igisagara asanga gifise nk’ibirometero ibihumbi bibiri n’amajana ane vy’ubwaguke, n’ibirometero ibihumbi bibiri n’amajana ane vy’uburebure.


Imiryango y’amarembo uko ari cumi n’ibiri yari ikozwe mw’imaragarita cumi na zibiri, umuryango umwumwe wose wari ukozwe mw’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu zivugutiwe, rikabonerana nk’ibiyo.


Amarembo y’ico gisagara yama yuguruye, kuko nta joro rihaba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite