Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:14
14 Referans Kwoze  

Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.


ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.


Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha.


Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha,


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Nuko bagira ubupfindo, Matiyasi aba ari we atorwa, aca yongerwa kuri bamwe cumi n’umwe.


Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko atatu, mu bumanuko atatu, no mu burengero atatu nyene.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite