Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa Yasipi, kibonerana nk’ikiyo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:11
17 Referans Kwoze  

Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.


Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Maze wa mumarayika aca anyereka rwa ruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’ikiyo, rutemba ruva ku ntebe y’inganji y’Imana n’iy’Umwagazi w’Intama,


Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Yasipi hamwe n’iryitwa Sarudiyo. Kandi iyo ntebe yari izungurutswe n’umunywamazi usa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Simaragido.


Ubwo nyene urusengero ruca rwuzura umwotsi uvuye mu cubahiro c’Imana n’ububasha bwayo, ntihaba hakigira uwushobora kwinjira muri urwo rusengero gushika ba bamarayika indwi bashikije vya vyago indwi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite