Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nuko ndababona bagendagenda isi yose, bakikuza ikibanza abera b’Imana barimwo n’igisagara Imana ikunda. Ariko umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigita.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:9
33 Referans Kwoze  

Azohana abatazi Imana n’abatubaha ivyo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu bwigisha.


Gica gikora ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye, mbere kikamanura n’umuriro ukava kw’ijuru ugakorokera kw’isi abantu bose barorera.


Nihagira uwugerageza kubakorera ikibi, umuriro uzova mu kanwa kabo uturire abansi babo. Uko ni ko uwuzogerageza kubakorera ikibi azopfa.


gushika umusi Loti yaviriye i Sodomu, maze umuriro n’ibizuku bikoroka bivuye mw’ijuru, birabarigita bose.


Abigishwa biwe Yohana na Yakobo babibonye, babaza Yesu bati: “Mwami, duhamagare umuriro ukoroke uvuye mw’ijuru ubatongore?”


Nuko rero muze tuje iyo ari inyuma y’aho ducumbitse, twikoreye ibimaramare vyiwe,


Nimwabona Yerusalemu ikikujwe n’ingabo, muzoce mumenya ko isenyurwa ryayo ryegereje.


Kuko igihe kizogushikako, aho abansi bawe bazokwubaka ibirindiro impande zawe zose, bagukikuze, bagusugereze impande zose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite