Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:4
40 Referans Kwoze  

Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, mu gihe c’isi nsha, aho Umwana w’Umuntu azokwicarira ku ntebe yiwe y’icubahiro, mwebwe mwankurikiye, muzoba mwicaye ku ntebe cumi na zibiri, mucira imanza imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.


Yuguruye ica gatanu, nca mbona imishaha y’abishwe bazira ijambo ry’Imana n’ugushinga intahe kwabo, iri musi y’igicaniro.


Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.


Nitwihangana, tuzoganzanya na we. Nitwamwihakana, na we azotwihakana.


Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.


kugira ngo muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje, kandi muze mwicare ku ntebe z’icubahiro mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Nta joro rizobayo kandi nta muco w’itara canke w’izuba bazokenera, kuko Umwami Imana azobamurikira. Kandi bazoganza ibihe vyose.


Bamuneshesheje amaraso y’Umwagazi hamwe n’ijambo ryo gushinga intahe. Bemeye guheba ubuzima bwabo, ntibatinya urupfu.


Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga rya Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,


Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Ariko inyuma y’imisi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima iva ku Mana ibinjiramwo, baca barahaguruka kandi ababibonye bose bafatwa n’ubwoba bwinshi.


Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”


Kuko nimba kwigizwayo kwabo kwazaniye agakiza abo kw’isi bose, mbega kwemerwa kwabo ntikuzozana ivyiza birushirije? Bizomera nko gusubiza ubuzima abari barapfuye!


Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”


Hanyuma baramubaza bati: “Ni kuki abigisha b’ivyagezwe bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza?”


Nuko aca arungika umusoda amutegeka kuzana umutwe wa Yohana. Wa musoda aja mw’ibohero, aca umutwe Yohana,


Ariko Herode avyumvise aravuga ati: “Ko Yohana ari jewe namuciye umutwe, yoba yazutse!”


Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane.


Aho ni ho uzohezagirwa. Naho badashobora kubikwishura, Imana izobiguhembera mw’izuka ry’abagororotsi.”


na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose ku bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.


Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.


Iyo ntebe yari ikikujwe n’izindi mirongo ibiri na zine, zicaweko n’abashingantahe mirongo ibiri na bane bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe yabo.


“Ntiwonone isi canke ikiyaga canke ibiti tutarashira ikimenyetso mu gahanga abakoreye Imana yacu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite