Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Hanyuma nca mbona intebe y’inganji nini cane, mbona n’uwuyicayeko. Ijuru n’isi birahunga biva imbere yiwe, ntivyasubira kuboneka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:11
27 Referans Kwoze  

Hanyuma nca mbona “ijuru rishasha n’isi nshansha,” kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyakuweho, kandi nta n’ikiyaga cari kikihari.


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazokwigera akurwaho.


Amazinga yose aranyika, n’imitumba yose ntiyaba ikiboneka.


Ijuru rica ririzinga nk’umuzingo w’igitabu bazinze, imisozi n’amazinga vyose bikurwa aho vyahora.


Aca afata ca gisato, ari co kiyoka ca kera, ari we wa mubi canke Satani, arakiboha, kimara imyaka igihumbi kiboshe.


Ariko ca gisato kiraneshwa, maze abamarayika baco na co birukanwa mw’ijuru.


Ako kanya nyene, ndi muri Mpwemu, mbona intebe y’inganji mw’ijuru, mbona n’uwuyicayeko.


Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe.


Uwari yicaye ku ntebe y’inganji aravuga ati: “Ehe vyose ndabihinduye bishasha!” Aca ambwira ati: “Andika ibi mvuze, kuko aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite