Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:10
12 Referans Kwoze  

Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga.


Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma.


Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.


aho ‘inyo zaho ntizipfa, n’umuriro waho ntuzima.’]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite