Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:7
36 Referans Kwoze  

Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.


Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.


Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.


Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.


Uwufise amatwi yumva niyumve!”


Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.


Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uno musi nyene uraza kubana nanje muri paradizo.”


Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.


Nta kintu na kimwe kija mu muntu kivuye hanze gishobora kumuhumanya; igihumanya umuntu ni ikiva muri we. [


rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga.


Ariko ivyo Imana yarabiduhishuriye muri Mpwemu wayo. Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Yajanywe mw’iparadizo, yumva ivyo ata woshobora gusigura, ivyo ata muntu yemerewe kuvuga.


Nca mbona n’ikimeze nk’ikiyaga c’ibiyo bivanze n’umuriro. I ruhande yaco hari hahagaze abanesheje ca gikoko n’igishushanyo caco n’ikimenyetso c’izina ryaco. Bari bafise inanga bahawe n’Imana,


Hanyuma nca numva ijwi rivuye mw’ijuru rimbwira riti: “Andika ibi bikurikira: uhereye ubu, hahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.” Mpwemu aravuga ati: “Egome, bazoruhuka imiruho barushe, kuko ibikorwa vyabo bizobaherekeza.”


Hanyuma aca ababwira ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve!”


Ariko hari izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.”


Ndabandikiye, mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo, yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mwanesheje wa mubi.


Uwufise amatwi yumva niyumve.”]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite