Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:18
22 Referans Kwoze  

riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


mu buryo bw’impwemu y’ubugororotsi agaragara ari Umwana w’Imana mu kuzuka mu bapfuye ku bw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu.


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.


Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Wandikire umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso uti: Uwufise inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo kandi agendagenda hagati y’ibiterekwako amatara indwi, aravuga ati:


Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”


Bakiri mu nzira bagenda, bashika ahantu hari amazi, ya nkone iravuga iti: “Ko hano hari amazi, ni igiki combuza kubatizwa?” [


Umwe mu bariko baratwumviriza yitwa Lidiya, yava i Tuwatira, akaba yari umudandaza w’impuzu z’agaciro kandi yubaha Imana. Nuko Umwami Imana yugurura umutima wiwe, yakira Ubutumwa Pawulo yariko aravuga.


Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite