Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:17
24 Referans Kwoze  

Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha ntazobabazwa na gato n’urupfu rwa kabiri.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Baririmbira indirimbo nshasha imbere y’intebe y’inganji, n’imbere ya vya binyabugingo bine hamwe na ba bashingantahe. Nta n’umwe yashobora kwiga iyo ndirimbo, kiretse bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine bacunguwe bakuwe mw’isi.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.


Kuko mwapfuye, ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana.


Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe.


Ariko arababwira ati: “Ndafise ivyokurya mwebwe mutazi.”


Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.


Uwufise amatwi yumva niyumve.”]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite