Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko ico nkugaya ni uko hari bamwe muri mwebwe bagikurikira inyigisho za Balamu, uwatumye Balaki kugwisha Abisirayeli mu vyaha, bakarya ivyaterekerewe ibigirwamana bagakora n’ivyaha vy’ubusambanyi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:14
30 Referans Kwoze  

Barahevye inzira igororotse barazimira bakurikira inzira ya Balamu mwene Beyori, yakunze ingero mbi.


Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.


Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze barwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.


Muze mwirinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, kandi mwirinde ingeso mbi z’ubusambanyi. Nimwavyirinda muzoba mugize neza. Turabasezeye.


Ukwubakana kwubahirizwe na bose, kandi ntihakagire icanduza uburiri bw’abubakanye; kuko Imana izocira urubanza abagendera mu bushakanyi no mu busambanyi.


Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.


Naho ku vyerekeye abanyamahanga bizera, nibakurikize ingingo twarabandikiye mw’ikete: birinde kurya ivyaterekerewe ibigirwamana, amaraso canke inyama z’ibikoko binizwe, n’ingeso mbi z’ubusambanyi.”


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Ariko kubera ubusambanyi buhari, umugabo wese akwiye kugira umugore wiwe, kandi umugore wese akwiye kugira umugabo wiwe.


Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana!


Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.


Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.


Ariko ico nkugaya ni uko watakaje urukundo rwawe rwa mbere.


Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Dawidi na we yavuze, ati: “Reka indya zo ku meza yabo zibabere umutego n’ikinogo co kugwamwo, ibuye ritsitaza n’ingero bakwiranye.


Ni kuki bitashoboka? Kuko baguma barondera kwemerwa n’Imana mu kugerageza kwumvira ivyagezwe aho kwizera Imana. Uko ni ko batsitaye kuri rya buye ritsitaza,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite