Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Nca numva amajwi avuga nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, avuga nk’imipfunda yo mu kiyaga ikomeye, agaturagara nk’inkuba, avuga ati: “Haleluya! Umwami wacu Imana Mushoboravyose iraganje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:6
25 Referans Kwoze  

Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga.


Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati: “Haleluya! Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,


Ngize gutya, mbona wa Mwagazi amena ica mbere muri bimwe indwi bimatanije wa muzingo w’igitabu. Nca numva kimwe muri vya binyabugingo kivuze n’ijwi nk’iry’inkuba giti: “Ingo!”


Ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa wakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.


Nta rusengero nabonye muri ico gisagara, kuko Umwami Imana Mushoboravyose n’Umwagazi w’intama ari bo rusengero rwaho.


Nca numva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru, rivuga riti: “Noneho agakiza, ububasha n’Ubwami vy’Imana yacu, n’ubushobozi bwa Kristo wayo vyashitse. Kuko umurezi wa bene Data, uwabarega imbere y’Imana yacu ijoro n’umurango yakororewe hasi.


Wa mumarayika aca afata kimwe co gutuririramwo ibimota neza, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, agiterera hasi; haca humvikana urwamo rw’imituragaro, imiravyo na nyamugigima.


Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite