Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Haca humvikana ijwi rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: “Nimushime Imana, yemwe bakozi bayo, namwe abayubaha mwese, abahambaye n’aboroshe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:5
14 Referans Kwoze  

Ni co gituma, bahagaze imbere y’intebe y’inganji y’Imana, bayihimbariza mu rusengero ijoro n’umurango, kandi uwicaye ku ntebe y’inganji azobahisha mw’ihema ryiwe.


Nca mbona abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere ya ya ntebe, maze ibitabu birugururwa. Ikindi gitabu kirugururwa, ni co gitabu c’ubugingo. Abapfuye bacirwa urubanza rw’ivyo bakoze nk’uko vyari vyanditse muri ico gitabu.


Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”


Congera gitegeka ko abantu bose, abakuru n’abato, abatunzi n’abakene, abagurano n’abidegemvya, bashirwako ikimenyetso mu kiganza canke mu ruhanga,


kugira ngo murye inyama z’abami, abagabisha b’ingabo, abahambaye, amafarasi n’abayagenderako, n’inyama z’abantu bose, abagurano n’abidegemvya, abakuru n’abato.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite