Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Bongera barasemerera bati: “Haleluya! Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:3
9 Referans Kwoze  

Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”


Abami bo kw’isi basambanye bakongera bagasangira na co ubutunzi bwaco, nibabona umwotsi wo gutongorwa kwaco, bazokiririra bongere bakigandarire.


Umwotsi w’ukubabazwa kwabo uzokwama upfunduka ibihe vyose. Abazosenga ico gikoko n’igishushanyo caco, canke abazokwemera gushirwako ikimenyetso c’izina ryaco, nta gahengwe bazogira haba mw’ijoro canke ku murango.”


Inyuma y’ivyo nca numva amajwi asamirana mw’ijuru ameze nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, asemerera ati: “Haleluya! Agakiza, icubahiro n’ubushobozi, ni ivy’Imana yacu,


Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana yabatanzeko akarorero mu kubahanisha umuriro udashira.


Ba batama mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine baca bikubita hasi bubamye, batazira Imana yicaye ku ntebe y’inganji, bavuga bati: “Amen! Haleluya!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite