Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ariko ca gikoko gica gifatwa mpiri hamwe na wa muvugishwa w’ibinyoma yakora ibitangaza mw’izina ryaco. Ivyo bitangaza ni vyo cahendesha bamwe bashirwako ikimenyetso caco, bagasenga n’igishushanyo caco. Ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma baca batererwa mu kiyaga caka umuriro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:20
30 Referans Kwoze  

Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Arya mahembe cumi wabonye, ni abami cumi batarahabwa ubwami, ariko bazohabwa ububasha bamare ikiringo c’isaha imwe baganje hamwe na ca gikoko.


Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.


Nca mbona ca gikoko, mbona n’abami bo mw’isi bose n’ingabo zabo zikoraniye kugwanya umwe agendera kw’ifarasi n’ingabo ziwe.


Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Ndiko nderekwa, mbona ayo mafarasi n’abayagenderako. Bari bitwaje inkinzo zitukura, izisa n’ubururu, hamwe n’izisa n’umuhondo. Ayo mafarasi yari afise imitwe nk’iy’intambwe, kandi mu kanwa hayo havayo umuriro, umwotsi n’ibizuku.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite