Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 19:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe; kandi iyo ni yo yakubitisha amahanga. “Azoganzisha amahanga agacinyizo.” Azorekura ubushangashirwe bw’Imana Mushoboravyose nk’uwuganira inzabibu mu bwato.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 19:15
15 Referans Kwoze  

Mu kuboko kwiwe kw’i buryo yari afise inyenyeri indwi, kandi mu kanwa kiwe havamwo inkota y’ubugi bubiri ikarishe. Mu maso hiwe harakayangana nk’izuba ryo ku murango.


Azoyatwazanya umukazo, ayamenagure nk’uwumena inkono z’ibumba. Nzomuha ububasha nahawe na Data,


Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe.


Za ngabo zose zica zicishwa ya nkota ikarishe yava mu kanwa k’uwugendera kuri ya farasi yera, maze ibisiga vyo mu kirere vyose bica birya inyama zabo.


Uwo mugore aca avyara umwana w’umuhungu, kandi uwo azotwazanya umukazo amahanga. Uwo mwana aca arasahurwa ajanwa mw’ijuru ku Mana, hafi y’intebe y’inganji yayo.


None rero niwihane. Ahandi ho nzoza vuba kukugwanya nitwaje inkota yo mu kanwa kanje.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Uwufise inkota ikarishe, ifise ubugi bubiri, aravuga ati.


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite